IKIRUNDI_news

Sat-b yoba yatanze akaganuke k’imodoka ifise agaciro kababa 100,000,000 Bif?

Inkuru yiriwe mu bakunzi b’umuziki uwo musi, n’akaganuke Sat-b yahawe umukunzi wiwe [naho ico kuba umukunzi wiwe naco kikirimwo amahinyu], ako kaganuke kakaba ari akaganuke k’imodoka iri muri zimwe zitagura ba nciyaho.

Iyo modoka yatanzwe ikaba itavuzweko rumwe n’ababonye iryo shusho, kuko hari bamwe babona ko zimwe mu nyifato ziboneka muri iryo sanamu ryashizwe ahabona kuri urwo rubuga rwa Sat-b ziteye amakenga menshi.

Iyo modoka bivugwa ko Sat-b yatanze, naho nawe ubwiwe ataho biboneka abivuga, ikaba iri mu bwoko bwa Infinity, ari nka hamwe yoba ari nshasha, ikaba ifise agaciro kari hagati y’20,000 € n’45,000€ , mu mafaranga ya hano iwacu naho akaba ari hagati y’60,000,000 Bif hamwe n’135,000,000 Bif.

Bamwe rero bakaba batemera ko uwo muririmvyi yoba yatanze iyo modoka, kuko n’ukuba nawe atayo afise ifise agaciro nkako, ngo nta bushobozi ashobora kuba afise bwo kuyigurira uwundi. S’ico gusa kuko ngo kuba inomero y’imparati yayo iterekenywe muri ako gashusho k’amasegonde kashusho kuri urwo rubuga, vyerekana ko ata bubasha bw’ikirenga ayifiseko.

Iryo shusho ryerekana Sat-b atanga akaganuke k’iyo ndirimbo rero kakaba gashobora kuba ari agace gato k’indirimbo ishobora kuba iri mu nzira, igishobora guca gisigura umuzo w’iyo modoka y’abishoboye n’ikibanza cabonetse bafatiyemwo ayo mashusho, kuko ikibanza yatangiyemwo ako kaganuke ari muri imwe mu mahotel ya hano iwacu.

None vyukuri icihishije inyuma y’iryo shusho coba ari ikihe? Kuko ntawokwirengagiza ko Sat-b umukenyuro nkuwo amaze kuwukoresha akatari gake mu gihe aba ashaka gusohora akaririmbo gashasha. Aho mukaba mutokwibagira ivya ya koti yari ipfunyiranye nk’iyivuye mu kanwa kinka [uko niko bahora batubwira abavyeyi] yavuga ko ayambaye aba afise ama miliyoni.

Ariko kandi nta n’uwokwirengagiza ko Sat-b amaze igihe kiriko kirarenga gato amezi 6, indirimo yiwe iheruka ku rubuga rwiwe rwa Youtube akaba ari Beautifull yakoranye na Meddy, aho uno musi iharurwa mu barenga 2,100,000 bamaze kuyiraba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037