kirundi

Sat_ B yatanze isango agiye kurekurirako indirimbo na Belle Nice

Mu makuru yacu duheruka kubashikiriza twarabwiye ko hari amafoto aguma aboneka ku mbuga za Sat-B arikumwe n’umukunzi wiwe Belle nice ,benshi mu bakunzi biwe bagumye bavuga ko Sat- B yambitse nabi umukunzi wiwe inyambaro itabereye mu mico y’ikirundi.

Ayo mafoto rero ntitwari bwamenye ico agamije.

Kuri uyu wak igenekerezo rya 1 Nyakanga 2022 twamaze kumenya ko izofoto ziri mu mu mashusho y’indirimbo yiwe agiye gushira ahabona arikumwe n’umukunzi wiwe ,ariko atarashima kuvuga izina ry’iyo ndirimbo.

Ico tuzi n’uko iyo ndirimbo izoba iri mu rukurikirane yavuze ko azoshira ahabona mu kwezi kw’indwi gushika ubu ntacarashima kuvuga ukwo guhindagurika kw’ibihe kubera tugeze mu kwezi kw’icenda itarasohoka. Hagati y’aho abandanya ahamagarira abakunzi biwe kubandanya barindiriye album yiwe.

Yanditse agira ati:”prêt? nouvelle chanson FT Belle nice disponible dans toutes les plateformes 9/9/2022. Summer & Lac Tanganyika ,visit Burundi
New album”.

Ni indirimbo ubona ko benshi barindiranye igishika bivanye n’ingene babona Belle nice yambaye.

Tubandanye turindiriye iryo sango yaduhaye hagize igihinduka tuzobamenyesha tumenye na ryari Album agiye kuyirekurira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455