IKIRUNDI_news

#Sat_B aramaze gutahura akamaro k’imbuga ngurukana bumenyi

Akanyoni katagurutse ntikamenta iyo bweze, Sat B kuvaho agendeye i gihugu kibanyi Tanzania agasuzugurwa na bamwe mu bamenyesha makuru baho
bakanamucira agace ko kuba umuririmvyi yidandaza kumbuga ngurukana bumenyi ibikorwa vyiwe bikamenyekana mu Makungu utarinze kuhishikira.

Utereje akajisho ku mbuga ziwe nka Instagram, Facebook, uzosanga abikoresha cane mugushirako amakuru ajanye ni bikorwa vyiwe,
you tube yoyo yamaze kwerekana umuvuduko udasanzwe.

Ata n’igihe kini kihaciye indirimbo yiwe ukwije umuriyoni w’ama views, iyo ndirimbo yaririmbaye na Meddy yamuka mu Rwanda ubu igeze ku  miriyoni zibiri, nayo.
Indirimbo yindi yiwe” Feel Love” ikaba yarakwije umuriyoni nubu ikibandanya yongereza umuvuduko.

Aho ni mu gihe agiye kuza arakora indirimbo n’abanyamahanga narirya inzira zuburyo zugurutse,ibizotuma abamukurikirana biyongera cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037