IKIRUNDI_news

Sat_B:Inyuma y’amezi 9 ngo ni bahanagure akavumbi ku ntebe yiwe banitegure cane

Agacerere niko kari kamaze imisi kamuranga ata ndirimbo nshasha aherutse gusohora .

Nubwo biri uko aka yarabonetse mu biteramo ndetse n’amashirahamwe akaguma amwizera bagasinyana amasezerano.

Abicishitse ku rubuga rwiwe rwa Facebook arerekana ko hari igikorwa kiriko kirakorwa ndetse n’amajambo ahumuriza abari bamunyoteye ko batocika intege.

Abo basangiye umwuga bobo ngo umwanya yabahaye wokwidagadura urakwiye ubu nawe araje babe barahanagura ivumbi ku ntebe yiwe.

Ugerageje kuraba komenteri z’abamukurikirana bamwe baramuha ikaze abandi bakamubwira ko atabishasha afise amajambo yamukamanye.

Tubandanye turindiranye namwe
Igikorwa gishasha tuzoyage kuvyo twiyumviye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037