homepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Slas Damara arasabira imigisha abagiye kurongora ishirahamwe ry’abaririmvyi

Slas Damara ni umuririmvyi akaba yari asanzwe ari muri comité muri iryo shirahamwe ry’abaririmvyi imyaka itari mike ndetse no kuburongozi buheruka kubisanya n’ubwatowe bwari burongowe na Roméo Ininahazwe yari muri comité (AMB).

Ariko inyuma y’amatora nyezina yabaye igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2022 hatowe Ndayishimiye Bright nk’umu président na vice président Kimana Edith ntiyashizwe muri comité nshasha.

Slas Damara yari yaranse ivyavuye mu matora avuga ko harimwo ubusuma, ariko kandi uno musi igenekerezo rya 26 Ruhuhuma acishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yanditse amajambo avuga ko atangorane ubu afise ahubwo asabira abagiye kurongora iryo shiramwe ko bobana mu mahoro biteho cane cane iterambere ry’abaririmvyi nawe ari kumwe nabo muri vyose.

Damara yanavuze ko ivyo abivuze inyuma yo kwumvirizwa n’ubushikirangaji bw’imicokama impande zose zibiri mu kubasaba kurekana n’impari ahubwo bashigikirane bateze imbere ishirahamwe ryabo bikaba ari navyo vyatumye Slas Damara yifata gishingantahe.

Yarangije anabasabira ku Mana uburongozi buhari ko Imana yobafasha ubwenge bwo kuyobora neza iterambere rirangwe mu baririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686