BurundiÉnergieEntertainmentkirundi

Spok’s ngo uwumuheraniye n’amurihe

Spoks Ngo uwumufitiye agafaranga kiwe anyaragase amurihe ako kadeni, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’uwo muririmvyi akaba kandi n’umumenyeshamakuru ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uwo muririmvyi yamenyesheje ko nkuko yama mu mpera z’umwaka ngo asaba imbabazi uwo yoba yarakoshereje wese. S’ico gusa kuko ngo hari igihe bishika ugasanga arafise umuntu yafasheko akadeni ariko ntabe akimwibuka, ngo arasaba uwo yoba yaribagiye amwibutse arabe amurihe.

Spok’s yagize ati :“Imbere yuko umwaka wa 2020 urangira, nkuko nama ndabikora muri December, nashaka mfate akanya nsabe imbabazi umuntu wese noba narakoshereje canke noba narabereye igitsitaza, ar’uwo mfitiye ideni yonyibutsa kugira umwaka uhere tumaze kubitunganya ariko kandi nanje uwurimfitiye yorindiha, hama kandi sinoreka nogushimira abambaye hafi bose uno mwaka, mwarakoze cane mwese, Imana ibampezagirire mwese.”

Ivyo Spok’s akaba abishikirije inyuma yaho uwo muririmvyi amenyeshereje ko agize igihe atunzwe n’agafaranga kava mu rudandazwa rw’ama CD y’indirimbo ziwe. Aho akaba yavuga ko izo CD imwe igurwa amafaranga 10,000 ari ikimenyetso co kumushigikira, kuko izo ndirimbo zisanzwe ari indirimbo abatari bake bamaze kubona.
Aha mwomenya kandi ko izo ndirimbo nyene zisanzwe zibarizwa ku mbuga nguruka zigurisha umuziki, aho ushobora kuja kuzigura, canke ukazumviriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 584