Inkino

Stephane Ingo umwe mu basore b’abarundi bariko bitwara neza muri États-Unis

Umukinyi muremure kandi akomeye, bigoye kumwinjirizako ndetse adasanzwe mu kwinjiriza kure ama nota 3.

Stephane Ingo ariko yitwara neza ku mugabane wa America.
Stephane yatanguye gukina urukino rw’amaboko basketball ku myaka 13 gusa ni umurundi yabonye izuba kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 1999 ,haciye imyaka indwi aca yimukira muri Canada mu mwaka wa 2006 .

Amashuri yisumbuye yayize kw’ishure ry’ubuserukizi bw’ubufaransa muri Canada (Ecole secindaire Francaise Sainte-Famille ry’i Mississauga .
Umwaka wanyuma w’amashuri yisumbuye akaba yawuhereje muri Etats-Unies(Gould Academy).

Ingo muri Leta zunze ubumwe yahavuye yinjira mu nteguro ya Northern Kings AAU ariyo yamwinjiza mu marushanwa y’ama universite yo muri America aho yakinye inkino nyinshi muri iryo higanwa ridasanzwe.

Stephane Ingo aza kuba ari umutumire wa Indundi TV mu kiganiro Diaspora news ikiganiro giha akaryo abarundi baba mu mahanga ko kuganira n’abiwabo ndetse bakagira ico baterereye mw’iterambere ry’igihugu cabibarutse.
Stephano ntaza kuba ari wenyene muri ico kiganiro kuko ahahurira na bamwe mu mboneza z’abamenyeshamakuru aribo Patrick Bizindavyi azwi cane muri Radio Canada , na Arsène Lupin Bucuti muzi nk’umwiheberankino abarizwa kuri Radio Buja Fm kumwe na Indundi Sports, hakaza kuba ari isaha cumi z’Umuhingamo(16h) kuri uwu wa 11Nzero 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036