IKIRUNDI_news

Tambwe adahari ngo Ncoro we yobandanya ukuri kwamye

Ncoro na Tambwe ngo bwabundi n’imvukira zo muri zone ya Bwiza muri Quartier ya jabe. Ivyo biheruka gushikirizwa na Ncoro mu kiyago na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.

Ncoro muri ico kiyago, yavuze ko Bose uko Ari babiri ngo niho bazinanye, ni naho bahereye ivyabo, ariko ngo ntana rimwe bahuriza ku kintu c’ukuja mu ma foto yiwe.

Ncoro muri ico kiyago na Jimbere Magazine, yavuze ko naho Tambwe atoba ahari, ngo nta cobuza atabandanya ibijanye na Comedie yiwe.

Ncoro ngo kuva batanguye kumenyekana cane, ngo nta cahindutse, ubuzima bwabumye Ari bwabundi nyene. Ngo ubuzima bwo kuronderera hose ntacahindutse, aracagakora ukuri kwamye.

Mwomenya ko Ncoro avuga ko impari zabonetse hagati yiwe na Tambwe, bitari ibikinano, ngo kwari ukuri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036