homepage

Tanasha ariteguriye kubana na Diamond naho abonwa nki Malaya

Tanasha umukunzi mushasha wa Diamond ngo ariteze kubana na Diamond uko ari kwose, naho bavuga koa ri umumalaya kuko ahindagura abakobwa buri kanya. We ico yishakira n’ugufatwa nk’umwamikazi.

Inyuma y’imisi mikeya Diamond yerekanye umukunzi wiwe mushasha, Tanasha, uwo mwigeme ngo yoba yarageramiwe n’abatari bake bakoresha imbuga ngurukanabumenyi bamubwira ko uwuriko aramuresha yipfuza kumutwara azohava amubabaza nkuko yabikoze ku bandi.

Uwo mwigeme w’umunya Kenya kandi akagira n’ubwenegihugu bw’ubutaliyano yahavuye abakurira inkoni ku gishitsi avuga ico yibaza kuri uwo mugabo bose baraba ribi. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yavuze ko ivyo bariko bamubwira bica mu gutwi bigaserukana mu kundi bikigenda.

Muri ubwo butumwa akaba yababwiye ko atiteze kumuheba ngo nuko yoba acana inyuma. Igituma ngo nuko ata musore numwe kuri ino si ahari atigera acana inyuma. Kuri ico nyene akaba yaciye anavuga ko ata mugambi afise w’ukwihariza Diamond wenyene, kubwiwe ngo ntaco bimutwaye nimba yoba afise abandi, mu gihe amufata nk’umwamikazi.  

Uwo mukobwa asanzwe ari umumenyeshamakuru mu gihugu ca Kenya akaba yavuze ko azi Diamond gusumba abandi bantu, ngo kuko uburyo amufatamwo ngo nawe nyene biramurenga. Rimwe na rimwe akibaza nimba yoba akwiriye Diamond.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe haheruka kuvurwa ivy’urubanza rw’ubugeni rwabo rwoba ruriko rurategurwa, rukaba ruzoba ku wa 14 ruhuhuma 2019. Ibiheruka gushikirizwa na Diamond Platnumz we nyene ubwiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686