IKIRUNDI_news

Terry West n’ishavu n’akantu aranegura ivyavuye muri Primustar

Terry West ni umuririmvyi yahoze ari mu murwi (?G) ariko mu nyuma y’aho yahavuye abiyonkorako agenda gukora ukwiwe.

Abarundi barayamaze bati ishiga rimwe ntiryarika. Nubwo yabandanije akora kw’ijwi ryiwe ryiza ntivyakunze ko ibikorwa vyiwe bigaragara nk’uko yabiziga agikorana n’abandi mu murwi.

Tubibutse ko uwo murwi (? G) wari waratangujwe n’umuhisi Soso K, kuva aho yitabiye Imana uwo murwi waciye uba nk’uwuzimye n’ubwo bagerageza kuwusanasana inguvu wari ufise kera ntizikigaragara.

Terry West akoresheje amajambo y’akababaro aravuga ukungene impano zititabwaho ahubwo hashigikirwa abatabishoboye, cane cane ahoza umuririmvyi Andy Mwag ko yokwihangana.

Aho ni mugihe aheruka gukurwamwo mw’ihiganwa rya Primustar aho benshi bari bamuhaye amahirwe menshi yo gutsinda kubera ijwi ryiwe ryiza n’ibicurarangisho yicurarangira mu majambo make biragaragara ko umuziki awumva ariko muri batatu ba mbere ntiyigeze agaragaramwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037