IKIRUNDI_news

Tetero abandanya ashima inyuma yo kumva ivyavuye muri Prix decouvertes

N’ihiganwa yaramaze imisi ahamagarira abantu kumuha amahirwe kugira aritahukane, rikaba ari ihiganwa ritegurwa n’iradio y’abafansa RFI, agashimwe kitiriwe Prix decouvertes, akaba yari yararonse amahirwe yo gushika mu gice canyuma.

Aho mwabonye kuri indundi Tv igiteramo cabereye kuri( IFB) categuwe mu ntumbero yo guhimiriza abarundi n’abarundikazi bakore uko bashoboye kwose ako gashimwe gatahe mu gihugu c’Uburundi.

kw’igenekerezo rya 15 kigarama 2021 amatora yari arangiye,
Nayo kw’ igekerezo rya 17 Kigarama 2021 hakaba hamenyekanye uwatahukanye ako gashimwe nawe akaba (Alesh officiel) ava mu gihugu ca Congo.

Nubwo biri uko Laurette Tetero araremesha abakunzi biwe ko umwaka ukurikira azosubira kw’iyandikisha kandi Ko yaharonkeye ubumenyi budasanze muri ryo higanwa
yanashimiye abakoze ukobashoboyekose bakamushigikira.

kubwa Bonona nawe yashoboye kuja muri iryo higanwa mu mwaka 2014 atahukana ikibanza ca kabiri ngo umwaka uza Prix decouvertes izotaha mu gihugu c’Uburundi ni twabandanya dushigikirana, tukarengera ubutandukane bwacu.
Nayo ngo abaririmvyi ngo baracafise agahaze mu gushigikirana ngw’arabiye nko ku giteramo bari bateguye kuri IFB co gushigikira Tetero harabataje kandi bari batumiwe ntibanavuga n’impamvu
ako n’akagohe yabavuniye

indundi Magazine ikaba ikeje uwo muririmvyikazi kuntambwe yateye
tunamubwira duti ejo ni heza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037