IKIRUNDI_news

The Fighters: Kurekura album bisa nk’uko vyabankiye

Bagizwe n’abaririmvyi batatu aribo Vichou Love, Difficile 5G hamwe na Happy Famba ari nawe arongoye the fighters.

Mu kiganiro bakoranye na Indundi Tv
Happy Famba yavuze ko uyu mwaka wa 2021 umwe umwe agiye kurekura album yiwe ishirwe ku mugaragaro
mu nyuma y’aho avuga ko bitagikunze kubera ingwara ya covid babaye barabangira muko basohora album zabo uko ari zitatu.

Ico bariko barakora bariko basohora indirimbo imwe imwe mu ziri muri album aho kw’igenekerezo rya 10 nyakanga 2021 Vichou Love yarekuye ururirimbo rwiwe rumwe «Jegeza », igenekerezo rya 20 nyakanga 2021 Difficile 5G arekura «Moyo wangu »,
Irindi sango ni irya Happy Famba ategekanya kuzorekura ururirimbo rwiwe igenekerezo rya 27 nyakanga 2021 ruzoba ari Remix yafadikanije n’abaririmvyi nka Willy ,Gozila, Giga n’abaririmvyi ba kera eka n’indirimbo yiwe yashimye gusubiramwo ni iya kera izwi kw’izina rya “Ndani ya Club”.

Hoho ibikorwa vya the fightery ko bagiye kwongereza abandi baririmvyi babiri bigezehe?

Gumana natwe inyishu tugiye kuyirondera nimba batayaze amasigara cicaro uzobimenyera ngaha kuri Indundi Magazine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036