IKIRUNDI_news

Ubucuti hagati ya Billiman Boy na Bantu Bwoy ngo bumeze neza

 Hoba hatari ugushigikirana hagati ya Bantu Bwoy na Biliman Boy, ico n’ikibazo cibabjijwe n’umwe mu bamenyeshamakuru hano iwacu, arabiye ku buryo indirimbo ya Kirikou itigeze imenyekanishwa na Big Fizzo, ariko iya Double J yo ikaronka iryo bakwe.

Mu kiganiro na Juste Gael, Kirikou yavuze ko atigeze arungikira Big Fizzo iyo ndirimbo, kandi ko ishobora kuba yarasohotse Mugani afatiriwe arico gituma atigeze ayimenyekanisha.

Abajijwe ko umubano woba ari mwiza kuko nawe atigeze amenyekanisha izo muri Bantu Bwoy ziheruka gusohoka, uwo muririmvyi yavuze ko umubano uhari, ariko ngo ntumeze nka kera kubera impamvu z’ubuzima, atari uko boba bafise ivyo bapfa.

Yagize ati : “ Umubano umeze neza, kubera ko nta musi numwe urabona jewe nshirako ikintu ndamuvuga nabi, canke we amvuga nabi , bisigura yuko ubucuti burahari. Mugabo uko biri kwose, ubucuti ntibwohaba nkuko vyari nka mbere, mugabo ni ku mpamvu z’Ubuzima, s’ukubera yuko ata bucuti buhari canke hari imishwanire hagati yatwe nabo…”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037