homepagekirundi_Sports

Ubugira gatatu ikigo c’igisha umupira w’amaguru Académie Zoé catunganije ihiganwa

Abasanzwe bararongoye ikigo c’umupira w’amaguru Academie Zoé bashikiriza ko intumbero y’izo nkino ari ukugira batsimbataze izo nkino harimwo kuramurira Uburundi abakinyi benshi kandi beza biciye mu kurondera impano z’abakiri bato.Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku musi wa gatatu igenekerezo rya 3 Mukakaro 2024 indongozi z’ico kigo zisaba gushigikirwa kuko hama hakenewe uburyo.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru  uwusanzwe arongoye ikigo Académie Zoé yamenyesheje ko ari igikorwa gisaba umutima w’urukundo kugira barondere impano zabana bakiri bato hamwe no kuramurira Uburundi kugira Uburundi buronke abakinyi benshi bakina hanze y’igihugu c’uburundi.

Abandanya avugako umugwi wose uzokina inkino zitatu ariko kugira ushike mu rukino rwa nyuma uzokina inkino zitanu,umugwi uzoba uwa mbere uzotahukana amafaranga ibihumbi 500.000 fbu,uwa kabiri 200.000 fbu mu gihe uwa gatatu uzoronka akabasha k’ibihumbi 150.000.

Iryo higanwa ryatunganijwe n’ ikigo cigisha umupira w’amaguru Académie Zoé ritegekanijwe gutangura igenekerezo rya 6 gushika kw’igenegerezo rya 20 Mukakaro 2024 mu gisagara ca Bujumbura.

Muri iryo higanwa rizokwitabirwa n’abakinyi  batarenza imyaka 16,izo nkino zikazobera  mu kigo c’ishure ryisumbuye riri muri zone Nyakabiga kuri  Lycée Scheppers.

Muri iryo higanwa hakaba hatumiwe imigwi 8, iyo migwi ikaba igabuwe mu mice 2.Umuce wa mbere ugizwe na:Zoé Académie,Academie Nderagakura yo mu ntara ya Rumonge hakaba harimwo Academie Tatanes Ailees hamwe na Académie Intwari.

Umuce wa Kabiri ugizwe n’imigwi 4: Académie Impact ,Academie Jade,Young City Academy hamwe na UPM F.

Inkino za mbere gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma zizobera Ku kibuga co muri zone Nyakabiga,urukino rya nyuma rukazobera ku kigo c’ubuhinga Kiri mu Ngagara CTN.

Inkuru yanditswe na Vencent Nkunzimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822