Economyhomepage

Uburovyi nabwo buri mw’ihungabana kubera ikena ry’igitoro

Bamwe mubarovyi bo ku mweha wa Kajaga bavuga ko akazi kabo gasa nakahagaze kubera ikena ry’igitoro. Bagasaba ko reta yotorera inyishu ico kibazo. Umushikirangaji wo gutwara abantu n’ibuntu asigura ko ubwo bukene buterwa n’ikena ry’amafaranga mvamakungu.

Abo barovyi bo ku mweha wa Kajaga muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura bavuga ko akazi kabo gasa nk’akahagaze muri ino minsi kubera ikena ry’igitoro. Aha bagashikiriza ko mu ndwi basigaye bagenda kuroba nk’umunsi umwe canke ibiri mu gihe igitoro iyo gsanzwe kihari bakora iminsi yose.

Ivyo bagasigura ko bibatera agahombo,aho bavuga ko nk’ubu kuberako batariko barakora amadeni aguma yiyongera.

Uwurongoye abandi barovyi kuri uwo mweha Bienvenue Ngendakumana asaba ko boronswa igipapuro kibaha uburengazira bwokuronka igitoro ku ma sitasiyo iyo bagiye kukirondera.

Aha kandi sur barovyi barongera bakavuga ko muri kino gihe nk’iritiro y’igitoro co mu bwoko bwa esansi ubu bayigura amafaranga ibihumbi cumi na bitanu (15.000) aho bayibonye , sur barovyi bagasaba ko reta yotorera umuti ico kibazo cibura ry’igitoro na cane cane ko bavuga ko atagitoro kibonetse ubuzima busa nk’ubuhagaze.

Ikindi gishirizwa n’abo barovyi nuko mu gihe haba hariko hakora ubwato bwinshi, umwimbu w’ifi uba mwiza, n’igiciro c’amafi kikaba ciza.

Abo barovyi bo ku mweha wa Kajaga bemeza ko mu gihe haba hagiye kuroba ibipe nka 3 hahora hakora ibigera ku 200, ubu ingaruka ari nyinshi kuko n’igico c’imboga caduze aho nk’ indobo y’ifi yahora igurishwa ibihumbi ijana (100.000) ubu ica igurishwa ibihumbi amajana abiri (200 000) canke ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu (250 000).

Umushikiranganji ajejwe ubudandaji Marie Chantal Nijimbere ari umutumire mu nama nkenguzamateka kw’igenrekerezo rya 20 Kigarama umwaka wa 2023 yaremeje ko koko hariho ubukene bw’igitoro mu Burundi ariko aca asigura ko ubwo bukene buva kw’ikena ry’amafaranga mvamakungu ,aca anashikiriza ko kugira ubukene bwa bimwe muvyo Uburundi bukenera bukuye hanze bukemuke aruko habwirizwa kurwizwa umwimbu.

Inkuru Yanditswe Na Clairia Kankundiye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 674