culturehomepage

Burundi : Imirwi Ndangakaranga yoba igiye kunagurwa

Ubushikiranganji bujejwe imico kama butangaza ko imirwi ndangakaranga ibukukira ubu yariko iribagirwa igiye kunagurwa.Yamara hari abafise amakenga ko uwo mugambi woshoboka mu gihe bimwe mu bicocoro vyari bigize iyo mirwi vyakukurutse hatateguwe abasubirizi.

Ivyo vyashikirijwe mu giteramo categuwe n’iyo mirwi yegukira ubushikiranganji bujejwe imico kama hari  kw’igenekerezo rya 20 kigarama umwaka wa 2023 mu nyubakwa y’abafaransa i Bujumbura IFB. Iyo mirwi igizwe n’umurwi nserukira gihugu muvy’imico kama (ballet national) ;umurwi n’akaranga ; n’uwundi bita “Orchestre Moderne” mu gifaransa.

Ubushikiranganji ikukira bamenyesha ko yakozweko n’indyane zaciye mu Burundi, abanyakaranga bamwe barahunga abandi babwirizwa guheba uwo mwuga kubera ingorane z’ubuzima.

Ubu naho abari bayigize b’ibicocoro baramaze kuja mukaruhuko k’izabukuru imwe isigayemwo urwaruka rubakomokako. Ni n’aho hava amakenga y’abamwe mu bakunzi bayo bibaza ko utuvyino, n’intambo zo mu myaka y’1980 n’iyindi myaka yo murivyo bihe bishobora kwibagirwa.

Ubushikiranganji buyijejwe bashikiriza ko ivyo bitazoshika kuko hamaze n’ugutegurwa integuro y’ibwirizwa rizogenga iyo mirwi ndangakaranga n’aho ritaratangwa mu nama nshikiranganji.

Yamara rero umuyobozi w’imico kama muri ubwo bushikiranganji sylvestre Sindayihebura ntanahisha ko ubu hakenye ibibanza iyo mirwi iteguriramwo ibirori kubwiwe bikwiye kongerezwa. Ni mu gihe ingoro Ndangamico y’i Bujumbura abo banyakaranga bahora bateguriramwo ubu iriko irasubirwamwo kugira ikorerwemwo ibindi nbikorwa bitari ivy’akaranga. Mugabo yemeza ko ivyo Reta ibifise mu minwe ata wokwihebura.

 

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672