footballSport

Uburundi bugiye kwakirira Centrafrique mu gihugu ca Maroc?

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 05 Ntwarante 2021, twari twaramutse tubashikiriza y’uko urukino rwo kurondera itike ryo kwitabira CAN 2022 , ruzohuza Uburundi na Republic Centrafrique rudashobora kubera mu gihugu kumvo z’uko ibibuga Uburundi bufise bitari ku rwerwo Mpuzamakungu, urwo rukino rushobora kubera mu gihugu ca Maroc.

Ivyo bikaba vyanditswe na Honorable Reverien Ndikuriyo atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Facebook Honorable Reverie Ndikuriyo akaba yanditse ati “ Inyuma yaho CAF imenyeshereje ko ibibuga vya INTWARI ( Bujumbura) ,n’URUKUNDO (NGOZI) bitazokwakira urukino BURUNDI VS RCA kuwa 26 Ntwarante 2021,
Ibiganiro vyamaze gutangura hagati y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu BURUNDI n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwami bwa Maroc kugira urwo rukino ruzobere muri ico gihugu.

Twasavye COMPLEXE MOHAMMED V DE RABAT canke ikindi kuko bafise ibibuga vyiza.

Mwomenya ko inyuma y’urwo rukino Uburundi buzoca bwakirwa na Maroc muri ico gihugu nyene mu rukino rwanyuma rwo mw’itsinda rya E.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 181