homepageIndundi sport

Uburundi buzokina n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo


Umugwi nserukiragihugu w’abigeme Intamba mu Rugamba batarenza imyaka 20 wamaze kumenya igihugu bazohura mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi yose kizobera mu gihugu ca Colombiya mu mwaka uza wa 2024.
m

Aha ni mugihe umurwi nserukira gihugu w’abigeme wari urindiriye kumenya igihugu uzohura mu gice gikurikira, hagati y’igihugu ca Zambiya na Republika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo(RDC), iyi nayo yakuyemwo igihugu ca Zambiya inyuma yo kunganya ubusa ku bundi i Kinshasa, mu rukino rwo gusubiriza. Mu rukino rwa mbere bari banganije ibitsindo bibiri ku bindi mu gisagara ca Lusaka mu gihugu ca Zambiya.

Umurwi nserukira gihugu w’abigeme wa kongo(RDC) ukazoca uhura n’umurwi nserukira gihugu w’abigeme w’Uburundi mu gice gikurikira mu kwezi kw’icumi na rimwe mwaka wa 2023.

Umurwi nserukiragihugu w’abigeme batarenza imyaka 20 usanzwe umenyerezwa na Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola, arikumwe na Belyse Ininahazwe akaba ari nabo bamenyereza umurwi nserukiragihugu w’abigeme bakuze baheruka gusezerera Igihugu ca Éthiopiya mu kurondera kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika CAN 2024.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686