Environnementhomepage

Uburundi nabwo burabangamiwe n’ihindagurika ry’ibihe.

Imyuzurira, uruzuba n’indwara z’ivyaduka vyama vyakoze kuburundi, ivyo bikaba biva kw’ihindagurika ry’ibihe. Mugihe kuruyu wa 30 Munyonyo 2023 hatanguye inama mpuzamakungu igira 28 kubifukikije iriko irabera mugisagara ca Dubaï, umuhinga mubidukikije akaba n’umwarimu muri za kaminuza harimwo na kaminuza y’Uburundi Athanase NKUNZIMANA asanga ingaruka ziva kw’ihindagur ika ry’ibihe zimaze igihe z’ibonekeza mu Burundi. Uyomuhinga abonako Uburundi cokimwe n’ibindi bihugu bikwiye kugira ico bikoze mukugabanya imyuka yonona ikirere, sôko ry’ihindagurika ry’ibihe.

Ntarugero rugaragara umuhinga mubidukikije yerekana Uburundi buhumanyako ikirere ariko aremezako na bwo buhumanya ikirere. Umwarimu muri kaminuza Athanase NKUNZIMANA atanga uturorero tw’imiduga inywa igitoro caba ico mubwoko bwa esansi canke ico mubwoko bwa mazutu. Aha yerekana cane cane ko mu Burundi hakoreshwa cane imiduga ishaje , iyonayo ikaba ifukumbura ivyotsi vyirabura mukirere.

Akandi karorero atanga n’imyavu ikoreshwa muburimyi. Umuhinga mubidukikije Athanase NKUNZIMANA avugako hari ubwoko bw’imyavu ihumanya ikirere kuko irungika imyuka yonona ikirere.

Akandi karorero atanga n’amahinguriro. Umuhinga avuga ko n’ubwo akiri makeya, nayonyene “ntasiga amavuta”.

Uburundi bubangamiwe n’iki?

Umuhinga Athanase Nkunzimana avugako Uburundi bubangamiwe n’imvura y’umurengera yonona ibintu. Burabangamiwe kandi n’uruzuba. Abenshi bibuka uruzuba rwateye muburaruko bw’igihugu mu ntara ya Kirundo mu myaka iheze. Ikindi n’indwara zitari zimenyerewe zatanguye kwibonekeza cane mubiterwa kuva mumyaka y’2000. Aha atanga akarorero k’indwara ya mosaïque yateye imyumbati, ibitoke navyo vyaratewe n’indwara eka n’ amateke yarahonye. Mubijanye n’amazi, kuva mumyaka y’2005 n’ 2007, amazi yaragabanutse , nko k’urugomero rw’umuyagankuba rwa Rwegura ndetse mu 2007 niho haca hatangura ivyo gusabikanya umuyagankuba mugisagara ca Bujumbura n’ahandi ivyo bita ” Délestage”.

Umuhinga mubidukikije Athanase Nkunzimana avuga kandi ko mugisata c’amagara y’abantu , malaria yarakajije umurindi, n’izindi ndwara zitari zimenyerewe ziratera, kuberako ubushuhe bwiyongereye kw’isi.
Ikindi n’uko imisozi iza irakoroka ahatandukanye mu Burundi ivyo navyo bikaba bitanguye murinomyaka y’ihindagurika ry’ibihe.

Uburundi burabangamiwe gusumba ibindi bihugu ?

Umuhinga mubidukikije Athanase Nkunzimana aremezako Uburundi bubangamiwe gusumba ibindi bihugu. Avyemeza afatiye kumikoro y’igihugu yo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Nk’ubu avugako iyo imvura itaguye abarimyi badasubira kurima kuko ataburyo buhari bwotuma umurimyi ashobora kuvomera imirima , igihugu categerezwa kubifasha abanyagihugu.
Iyo habaye imvura nyinshi, uyomuhinga avugako nk’ubu imvura ari nyinshi, ntakintu kigaragara cakozwe ngo Uburundi buhangane n’ingaruka zoshika. Ati” ko bari bavuze imbere y’igihe ko imvura izoba nyinshi, hari kuba harafashwe ingamba zimwe zimwe haba muburimyi, mubworozi, muvyinyubako, mumabarabara n’ibindi kugira habe gukinga.Mugabo kubera kumbure uburyo buke, hariho vyinshi bitakozwe. Mbega imifurege y’amabarabara yari yazibuwe? , ahatari imifurege yaraciwe?, mbega abanyagihugu bari bahimirijwe ngo batere ibiterwa birinda imvura nyinshi? Ucubona ko hari agahaze , intambwe iracari ndende kugira Uburundi bushobore guhangana n’ingaruka zivuye kubiza bivuye kw’ihindagurika ry’ikirere “.

Uburundi bwoterera iki ngo imyuka yonona ikirere igabanuke( Gaz à effet de serre)

Nko mugisata c’ugutwara ibintu n’abantu , Umuhinga mubidukikije Athanase Nkunzimana avugako Uburundi  bwogabanya imiduga ishaje . Bwohindura mugihugu hagakoreshwa imiduga ikoreshwa n’umuyagankuba canke imiduga inywa igitoro kandi ishobora n’ugukoresha umuyagankuba (voitures hybrides).
Mugisata c’uburimyi, abarundi boraba bagakoresha imyavu idahumanya ikirere.
N’abanyamahinguriro nabo bokwiga uburyo batorekurira mukirere ukonyene ivyotsi biva mumahinguriro.
Ikindi n’uko umurundi wese mubikorwa ariko arakora akwiye kuraba ko bidatuma ikirere cononekara.

Inama mpuzamakungu kubifukikije COP ziba hari akunguko zizanira ibihugu nk’Uburundi ?

Igihe cose habaye amanama mpuzamakungu kubidukikije, ibihugu biteye imbere ari navyo vyonona cane ikirere biremerera ibihugu bikiri munzira y’amajambere amafaranga yo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Umuhinga mubidukikije Athanase Nkunzimana ariko aha asanga ayomafaranga kugira atangwe ivyobihugu bitunze bibanza gushiraho ibisabwa ( conditions), nk’ibijanye n’ukubahiriza agateka kazinamuntu, urugero rw’ukurwanya igiturire mugihugu cabwirizwa guhabwa ayomahera, n’ibindi.

Athanase Nkunzimana aha avunira akagohe abategetsi b’ibihugu vya Afrika kuja muri ayo manama barapfundikiye hamwe ijambo bashikiriza kugirango bashobore kuronswa ayomahera atagisabwe.
Munama mpuzamakungu kubifukikije iheruka COP28 , abayitavye bari bemeranije gutanga imiliyoni 230 z’amadollars y’amarica.
Icegeranyo ca Onu kubidukikije cerekana ko ubushuhe kw’isi buzokwiyongerako ku rugero rwa degré Celsius 2,5 gushika mumpera y’iki kinjana.
Ihangiro ry’ibihugu akaba ari kugabanya ivyuka vyonona ikirere gushika kubice 45% gushika 2030 kugira ubushuhe bushobore kugabanuka k’urugero rwa degré Celsius 1,5.

Inkuru Yanditswe à Jotham Iratuzi 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686