IKIRUNDI_news

Uburyo bukoreshwa mu kiganiro Imboneza ngo buca mu mufuko kwa Pasteur Dieudonne Nahimana

Nta gitigiri nyezina gihari c’ibiganiro “Imboneza” biba buri kwezi, ico nico Past. Dieudonne nahimana aheruka gushikiriza mu kiganiro yatanze kuri BETV. Ariko naho ata gitigiri nyezina gihari, uwo yigeze kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu avuga ko bipfuza gukora 2 mu kwezi.

Muri ico kiganiro, Nahimana avuga ko uburyo bukoreshwa muri ico kiganiro bukurwa mu buryo bwa Nahimana Dieudonne Foundation. Ariko ngo hari n’ababaterera ibintu bitandukanye, birimwo amafaranga, umwanya w’ugucishako ikiganiro mu nsamirizi n’ibindi.

Nahimana Dieudonne yanavuze ko gushika ubu ata bijanye n’urudandazwa biraja muri ico kiganiro, aho umuntu ashobora gushiramwo uburyo noneho akamenyekanisha ibintu mu kiganiro.

Abajijwe ico bunguka muri ico kiganiro, uwo mwungere yamenyesheje ko ata kijanye n’amafaranga bitezemwo, ariko ngo bagize ico baha abantu kikabahindura, nico bokunda gusumba. Ivyo akaba abivuga yishimikije ko ngo agize ico ashikako, ashobora nawe kugufasha muri kazoza.

Mwomenya koi co kiganiro kigeze ku kigira 12, abanyuma baheruka gutumirwa ni aba Miss batandukanye barimwo Miss Burundi 2017, 2021, Miss Popularity 2021, hamwe na Miss Ngoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037