BurundihomepageIKIRUNDI_news

Ubushikiranganji bw’ubudandaji buramutswa umushikiranganji mushasha

Inyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yirukaniye mu mabanga umushikiranganji w’ubudandaji, ugutwara abantu n’ibintu amahinguriro n’ingenzi Immaculée Ndabaneze, hari ku musi mukuru w’abakozi n’akazi igenekerezo rya 1 Rusama 2021, yasohoye itegeko rigena uwumusubirira.

Uwo yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu akaba ari Capitoline NIYONIZIGIYE yahora ari umuyobozi nshingwabikorwa hamwe n’ubutunzi kuri Radiyo na Terevisiyo vy’igihugu RTNB.

Itegeko ry’umukuru w’igihugu rimugena rikaba ryasomwe na Alain Désiré Nzeyimana, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717