homepage

Ubutungane bubandanya bwegerezwa abanyagihugu

Nk’uko tubikura ku rubuga Internet rw’iradiyo y’Igihugu cacu RTNB, ejo haheze igenekerezo rya 15 Nzero uwu mwaka niho Umushikiranganji w’Ubutungane yari yaramutse aja gutanguza icese imirimo ya Sentare Nkuru Isubiramwo Imanza ya MAKAMBA.

Nk’uko rero vyakengurutswe n’abene gihugu, ubu ngo bigiye kuborohera gukwirikirana imanza zabo zungurujwe batarinze gucumukura ngo bafate ingendo ndende nk’uko bahora babigenza baja i Bururi.

Inyuma y’ugushikiriza ingendeshwa izorerura Umukuru w’Iyo Sentare Nkuru Isubiramw’Imanza, biramenyeshwa kandi ko Umushikiranganji w’ubutungane yaciye anaboneraho guhanura abanyagihugu y’uko bokwama bashengeza ingeso mbi ikorwa y’ukwakwa igiturire n’abamwe bamwe bajejwe kubatunganiriza maze gutyo ubutungune bubijejwe bugaheza bukabakubita Intahe mu gahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686