BurundihomepageIKIRUNDI_newsJustice

Ubwigenge bw’ubutungane mu Burundi ngo buracacumbagira

Ishirahamwe “Action for Justice and Equity in Burundi AJEBU Genderubuntu” ribona ko urwego rw’ubutungane mu Burundi rutigenga uko bitegerejwe.

Icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe yabishikiririje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 30 Ruheshi 2021, hari ku bijanye n’ubwigenge bw’ubutungane inyuma y’imyaka 59 irangiye Uburundi bwikukiye.

Maître Salvator Minani atanga akarorero k’urwego nshingwantwaro rwivanga rimwe na rimwe mu bijanye n’ubutungane. Aha adoma urutoke ku banyororo bakwije ibisabwa n’amategeko kugira bave mu gasho ariko batararekurwa. Asigura ko rimwe na rimwe hibonekezamwo ukuboko kw’izindi nzego zivanga mu vy’ubutungane. Ariko kubwiwe, ubwigenge bw’ubutungane ntibusigura kudakorana n’izindi nzego.

Iryo shirahamwe risaba ko amategeko ajanye n’ingene inzego z’ubucamanza zijaho ahinduka, kugira abazijamwo bace mu matora, mu ntumbero yo kurondera ubwigenge bushitse muri urwo rwego.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717