IKIRUNDI_news

Ubwo buca tuja gukwa I Kigali?

Inyuma y’ugushira ahabona indirimbo yiwe nshasha, Yvan Muziki yatanguye kuvugwako ubucuti bwa hafi n’umuririmvyikazi Marina, nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vy’I Kigali abishikiriza. 

Uwo muririmvyi mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Igihe, yavuze ko ataco yovuga ku bucuti bafitanye, ariko kimwe co ngo n’uko basanzwe ari incuti kandi ari umuririmvyikazi yemera akanemera n’umuziki wiwe, Kandi nawe azi neza ko Ico amwipfuriza Ari iterambere gusa.

Uwo muririmvyi yagize ati : “Ubu kweri nsigure ngo kanaka turakundana? Marina n’incuti yanje ariko ibindi vyo ntaco numva nobivugako. Ni umuririmvyikazi mwiza, nkunda umuziki wiwe kandi nzi neza ko nawe yipfuza ko notera imbere.

Urwo rukundo ruvugwa muri abo baririmvyi uko ari 2, rukaba ngo rwatanguye kuboneka mu mwaka uheze, aho uwo muririmvyikazi yerekeza ku mugabane wa buraya. Atahutse ngo mubo yashimiye harimwo umuririmvyi Yvan Muziki.

Abo baririmvyi bose uko ari babiri ngo kuri ubu bakaba baguma baboneka barikumwe ku binyamakuru bitandukanye I kigali aho baba bagiye kumenyekanisha indirimbo zabo nshasha baheruka gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036