BurundihomepageIKIRUNDI_newssociete

Ubwoko bw’amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme n’ingarukambi zayo

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 30 Munyonyo 2021 kw’ihoteri la Détente iri mu gisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bwo gufatana munda no gushigikirana bwatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kumenyesha aho urugamba bishinze rujanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abapfasoni rugeze.

Donatienne Girukwigomba, umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranji amaze gushikiriza bikurubikuru mu bimaze kurangurwa n’ubwo bushikiranganji mu bijanye no kurwanya ayo mabi akorerwa abakenyezi n’abigeme yaboneyeho kumenyesha imirwi canke ubwoko bw’amabi akunze gukorerwa abakenyezi n’abigeme abantu bayamenye kuko ngo basanze hari abantu batari bake bataramenya ko bakoze ikicanke kiriya baba bahohoteye umukenyezi canke umwigeme ndetse na nyene kuyakorerwa ntabimenye bivuye ahanini ku mico y’ikirundi, ukutamenya, ubukene mu miryango n’ibindi.

Nk’uko abishikiriza, Donatienne avuga ko hari ubwoko canke imirwi ine y’amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme yamara ngo hari uwundi murwi uriko uribonekeza ugira gatanu. Ubwo bwoko bw’ayo mabi akaba ari : amabi yo gushurashuza ku nguvu, ukubuzwa kugira ijambo kuvy’ubutunzi, ugutunturizwa umutima, gukubitwa hamwe n’ubwicanyi.

Donatienne amenyesha ko zimwe mu ngarukambi zishikira uwuba yakorerwe ayo mabi harimwo ukubura amahoro mu mutima ivyo bigatuma umuntu atagishobora no gukora ibikorwa vy’iterambere kuko aba yaratuntuye umutima, ivyo bikagira ingarukambi haba mu muryango, mu kibano ndetse no ku gihugu.

Mu butungane naho, umupfasoni Alice Emelyne Ntamatungiro yari yabuserukiye muri ico kiganiro yamenyesheje ko bahasha abantu baba bagiriwe n’ivyaha bijanye no gukora amabi afatiye ku gitsina bivanye n’uburemere bw’ico caha ndetse ngo hari n’abashobora gukatirwa umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Mwomenya ko ukwo umwaka utashe hama hatunganywa isekeza ry’imisi icumi n’itandatu (16 jours d’activisme), ryahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, uwu mwaka rikaba ryuguruwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza mu ntara ya Muyinga kuwa 25 Munyonyo 2021 rikazorangira kuwa 10 Kigarama uwu mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718