BurundiEntertainmentkirundi

Uguhinduka kwa Alvin Smith kwagarukanye igikundiro cinshi


Benshi mu bakurikirana ibikorwa vyiwe baremeza neza ko hari ihinduka mu bikorwa vy’Umuririmvyi Alvin Smith na cane cane ko bibonekera mu bikorwa agenda akora.


Inyuma yo gusohobora indirimbo zitandukanye, abazikurikirana bakabona ko aririmba ibiterasoni, indrimbo ziwe zikaboneka ko ata butumwa burimwo,ndetse ko n’inyifato yiwe  yekerekana ishusho mbi mu bantu, , ubu icizere catanguye ku garuka.

Abarundi nibo bayamaze bati:
‘Umurima werera igihe, ntiwerera inzara.”

Kuva aho umuririmvyi Alvin Smith asohoreye Indirimbo HARABAYE arikumwe na mugenziwe Aime Loveness hagiye haraboneka icizere gitandukanye cane n’icahahora, bivanye n’ubutumwa buri muriyo ndirimbo, ndetse abenshi bakaba bagiye baravuga ko yahindutse, uko yahora ameze atariko akiri.
Bikaba bitahereye aho, kuko naho Alvin aboneka mu bimucafuriza izina vyinshi, ibimwubaka vyo ntibibura kuko  yarongeye gukora indirimbo “CASSANOVA” imeze neza arikumwe n’umwigeme akiri muto afise ijwi ridasanzwe wo muri Peace Love Band. Mu nyuma yaho akorana na Esther Nish Indirimbo yise UMURAVUMBA, ibitahereyaho yaciye akora indirimbo MFATA MFATA arikumwe na Channy Queen.

Indirimbo Nfata Nfata ikaba iriko irakora  ku mitima y’abakunzi b’umuziki ndundi, ndetse n’amashusho yayo akaba abaruhura.

Ivyo biruko mu gihe Smith ari umwe mu baririmvyi ba hano iwacu akunzwe cane n’abarundi benshi baba mu mahanga Diaspora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583