IKIRUNDI_news

Ugukorana kwa Big Fizzo na Awilo longomba kwoba kuzogarukira kuri Film?

Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo irungi ntirigiye kumwica, kuko abakinyi batandukanye bazofashanya gukina muri rya reresi Life to Regret ryamujana muri Tanzania babandanya gushika muri ico gihugu. Uno musi hakaba hashitse Awilo longomba, mu gihe Mugani we amazeyo imisi.

Awilo ngo mubo bagiye gukinana nta mwana arimwo kandi bose barazi gukina, ivyo n’ivyo uwo muririmvyi w’umuhumure wo mu gihugu ca Congo yabwiye ibimenyeshamakuru aho yaragishika ku kibuga c’indege ku mugwa mukuru wa Tanzania, Daressalam.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko ikimujanye muri ico gihugu ari ugukina iryo reresi, ariko akaba avuga ko umuririmvyi uwariwe wese yokenera ko bakorana indirimbo ngo ata kibazo na kimwe bashobora kuririmbana. Akaba yongeyeko ko bipfuza gushigikira abaririmvyi bakiri bashasha ngo nabo babashe gutera baja imbere.

Aho yashika, Awilo yakiriwe n’isinzi ry’abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege, anamenyesha ko azomara muri ico gihugu ikiringo c’ukwezi kumwe gusa, aho ni mu gihe uwacu we tutaramenya igihe azohamara.  Mbega azohava amufatira aho amuboneye ngo agende bakoranye akantu? Umengo niko Mugani ateye, ariko ikimaze kunuganugwa co n’akaririmbo ka be na Jux gashobora kuboneka, naho amahigwe ari make cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036