IKIRUNDI_news

Ukumenyekana ngo ntibizana ivyiza gusa, n’ibibi biraguherekeza 

Ukujana n’ibihe, akama afise akantu ariko arakora ngo ni kimwe mu vyatumye umuririmvyikazi Mow Kanzie aguma avugwa cane, bitandukanye n’abandi bigeze guca nkaho yaciye mu bijanye n’aba Miss hano iwacu. 

Uwo muririmvyikazi akaba n’umukinyi w’amareresi akaba yavuze ko naho we yabashije gushobora kuguma kw’itara ngo hari ababa batavyerekwa, kuko ngo “Ntizaza n’ibintu vyiza gusa, izanana na bibi. Kurya hariho benshi bagukunda, hariho abakwanka.”

Uwo muririmvyikazi akaba kandi n’umugwizatunga akaba abona ko kugira abantu bagume baboneka naho baba batakiri aba Miss canke aba Daupfine ngo ni vyiza ko baguma bafise ikintu bariko barakora ngo nico cotuma uguma kuri rya tara.

Mwomenya ko uwo mwigeme kuva amenyekanye muvya Miss Burundi aho yari yabaye icababa ca 1 ca Miss Burundi 2017, yarabaye umu Mc mu bikorwa bitandukanye, araba umu Vlogeuse wa mbere mu Burundi, aririmba, ashinga agence ya Communication, arabasha kumenyekana cane kuri Instagram na Youtube kubera ibikorwa vya Vloging, none ubu yatanguye gukina amareresi, akaba akina mw’ireresi itegurwa na Yaga Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037