IKIRUNDI_news

Ukuri ni ukuhe kuvyo Big Fizzo amaze kurangura muri Tanzania

Ni igihangange mu muziki ndundi, kwitwa General mu muziki ntawobipinga kuko biribonekeza ko ariwe yatsinze rurayi mu runganwe rwiwe batanguranye uwo mwuga.

N’uwanka urukwavu aremeza ko runyaruka Fizzo aracari kw’isonga haba mu biteramo vyiwe ndetse n’uburemere bw’ umuziki wiwe , ngo nta nyambo itagira akanenge, kimwe muvyo abantu bakunze kumunegura ni uko ibikorwa vyiwe vyagarukira cane hagufi biturutse kuco bita kwidandaza mu makungu kitari ikirenga.

Uretse mu gihugu kibanyi c’Urwanda hoho izina ryiwe rihagaze beza biratandukanye n’ibindi bihugu kuko mu buzi ko bitoroshe umuririmvyi afata ikibanza mu kindi gihugu iyo ataririmbanye n’umuririmvyi waho.

Haciye igihe kitari gito Furious afashe urugendo rumushikana mu Gihugu kibanyi ca Tanzania aho yari ajanywe no gukina ireresi
rizwi kw’izina rya “A life to regret” biboneka ko muri kino gihe iri kumusozo kuko hamaze nokugaragara abayikinyemwo nka longomba,Harmonisé,Fizzo,JABz,mwamba Mery Kato……..Uwariyitezwe atabonetsemwo akaba ari A kon ku mpamvu tutaramenya.

Nubwo ico gihangange catwawe n’ireresi biraboneka ko n’indirimbo ariko arakora
kuko ufatiye nko ku mafoto ari kumwe n’abaririmvyi muri studio zitandukanye nivyo bituma benshi bavuga ko agiye gukora collabo na cane cane bo muri ico gihugu, bituma bamukeza ngw’arahagurutse amenyekanishe igihugu mu makungu abaheze inyota abakunzi biwe.

Abakunzi biwe nti bahengeshanya kuvuga amazina yabo bakorana nka Jux,Harmonisé,Rayvane……..ihibambewe indundi Magazine yashatse kumenya ukuri kugira ibashikirize amakuru atomoye mu kuvugana n’uwusanzwe ari Manager akanaba n’umufasha wiwe Akimana Edith nawe akagira ati :”Ayo makuru muyakurahe twebwe nka Bantu Bwoy ntakintu nakimwe turavuga kuvyerekeye collabo tuzokora nihagera tuzogira icotuvuze murakoze.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037