East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier Kingorongoro

Ukuvyara ngo biri mu vyatumye Wema Sepetu yonda

Kimwe mu vyatumye Wema atavyarira Diamond Platnumz, Ukuvyara, coba kigiye kubona umuti.

Mu gihe Wema Sepetu aboneka cane nkaho yagabanutse mu bunini muri ino misi, aravuga ico vyavuyeko. Aho ni mu gihe bamwe babona ko urugendo yakoreye hanze y’igihugu coha hari harimwo ukwogabanisha inda.

Wema Sepetu avuga ko muri ino misi angana nuko yangana mu myaka 2 gusa inyuma y’ugutsindira Miss Tanzania. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yatanze bahejeje kumuha uruhusha rwo gusubira gukora ukuri kwamya.

Wema muri ico kiganiro akaba ashikiriza ko ukwo kugabanuka kwatewe n’impanuro yahawe na muganga kugira abashe gusama. Aho akavuga ko muganga yamusavye kugabanura ibiro kuko ngo ibinure biri mu bituma umuntu atabasha gusama.

Sepetu akanavuga ko n’ukwo guhagarikwa gukora ibikorwa bitandukanye vya Film muri Tanzania biri mu vyamutumye agabanuka, kubera ivyiyumviro vyinshi.

Abajijwe nimba agiye kubandanya noneho kurondera umwana, Wema avuga adakekeranya ko ari gombwa. Abajijwe ic’umuhungu bazomuvyarana, avuga ko muri kino gihe ari wenyene kuva aho ivyago vy’amashusho y’urukozasoni bimurwiriyeko, akavuga ko igihe nicagera ngo azoheza akamurondera.

Mukibukako ko muvyatumye uwo mukinyi avana n’umuririmvyi Diamond platnumz hoba harimo nuko atabashije kumuvyarira umwana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 552