Entertainmenthomepage

Ukwirondeza uwukomeye hagati ya Big Fizzo na Sat-B birabandanya

Urugamba rwo kuraba uwusumvya uwundi, canke uwumaze gukora ibikomeye hagati ya Big Fizzo na Sat-B, rurabandanya, kuko uko Big Fizzo yerekanye ico amaze gukora na Sat-b nawe mu misi mikeya aca yerekana akandi.

 

Inyuma yaho Big Fizzo yerekanye mu ntango z’uku kwezi ko za nkurikirane 2, Legendary na Desideratus zimaze kurabwa incuro zirenga 800,000 ku rubuga rwa Boomplay, ntihagira uwuvyura umutwe ngo nawe yerekane ivyiwe, Sat-B we abishizemwo urutoke.
Sat-b Kuri uyu wa gatandatu, yerekanye ko EP yasohoye haraheze imyaka 2, yise Romantic Sound imaze kurabwa Kuri Spotify incuro zirenga 400,000. Aha ni inyuma yo kuronka Verification Kuri Twitter, Kandi hakanerekanwa ko anahinjiriza amafaranga atari make.
Ibi biruko mu gihe hagize imisi haboneka ukudaterana amajambo hagati ya Big Fizzo na Sat-B, ariko hakaboneka ugushigikirana, kuko inyuma yo gusohoka kw’indirimbo Ngangari Sat-B yabonetse agira ico ayivuzeko muri Commentaire ya Video ya Big Fizzo yashizwe ku rubuga rwa Facebook.
Na Big Fizzo nawe akaba yabaye mu bavuga kuri iyo ntambwe ya Sat-B, aho yanditse ngo :” aha niho hari idolari Mwisanze” aho yashatse kuvuga mwishwanje nk’indahiro.
Ico Big Fizzo yashikirije Kikaba gishobora gutuma abatari bake mu bafana batari bafise canke bari barakuyemwo Spotify mu duhamagazo twabo,bayisubizamwo. Igituma nuko habonetse abatari bake bavuga ko bahora bavuga ko ari abafana b’umuziki Kandi ata Spotify bafise, none ngo bagiye kuyisubizamwo canke kuyishiramwo.
S’abo gusa hari n’aberekanye ko ukwo gushigikirana hagati ya Big Fizzo na Sat-B ngo bari babinyotewe, abandi bakavuga ko badatahura icabahuje icarico.
Hari n’abandi berekanye ko abo bagabo babiri baharurwa nk’abami b’umuziki hano iwacu, ngo uwuzobaja imbere ngo ntibizomworohera.
Aha mukibuka ko urugamba ruri hagati ya Kirikou na Big Fizzo muri ino misi basohoreye Indirimbo, we asa nkaho ataho ahengamiye, kuko bose indirimbo zabo yabashije kugira ico azivugaho, mu kuzisangiza abantu ku rubuga rwiwe rwa Facebook, mu gihe Double Jay mugenzi wa Kirikou Akili atabashije kuyishira no muri community ya YouTube yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707