IKIRUNDI_news

Umu star ngo ntakunda, nico gituma umukunze uba usa n’uwiyahuye

Kugira ubashe kubana n’umu star ngo hari ibintu bimwe bimwe utegerezwa kuba ukwije, kandi bimwe murivyo n’uko utegerezwa kuba udaduha. Ivyo uwo muvyeyi w’abana 4 akaba yabivuze kuko ngo abifisemwo uburambe na rirya bamaranye imyaka 10 n’uwo mukunzi wiwe.

Mu kiganiro na Isaac Tv, uwo mugore wa Bidondo yavuze ko aba Star badakunda, ahubwo ngo utegerezwa kumenya ko we agukunda gusumba uko we umukunda, kuko umukunze cane ngo bica biba vyiza ugiye kurondera isandugu yo kuzoguhambamwo vuba cane.

Bidondo na Bidondine wiwe ngo muri iyo myaka yose bamaranye bakaba bafise abana 4, abahungu gusa, ngo nta mukobwa Imana irabaha nkuko yabandanije abiyagira umumenyeshamakuru bariko baganira.

Uwo muvyeyi yanavuze ko naho yama yumva abakobwa bavuga ko uwo mugabo wiwe yoba yabateye inda, ngo nta numwe arabona amuzanira umwana kuko n’uwuzomuzana azomurera, kuko ntiyiteze kuzinga ibirago ngo yahukane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036