Imigwi y’abakukuruke bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda ibandanya iza mu Burundi ku bwinshi mu ntumbero yo gukina inkino z’ubucuti nyinshi .
Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 02 Kigarama 2023 Isaha zitandatu (12h00) ku kibuga c’ubuhinga kiri mu Ngagara ( CTN), aho umugwi w:abakukuruke wo mu gihugu c’Uburundi Intare Fc wakiriye umugwi Solidarity Team w’I Butare mu gihugu c’Urwanda .
Urwo rukino rwa gicuti rwarangiye imigwi yose inganije 0-0.
Kubwa chris arongoye umugwi w’Intare Fc wo mu Burundi yavuze ko intumbero yatumye batumira bagenzi babo bo mu gihugu c’Urwanda ari ugusubira gutsimbataza imigenderanire hagati yabo n’incuti zabo zo mu Rwanda , akaba yarangije avuga ko mu rukino rwo gusubiriza ruzobera mu Rwanda bazokora ibishoboka vyose kugira batsinde urukino .
Nshimirimana Jean Pierre arongoye umugwi wa Solidarity Team , arashima cane ukungene urukino rwagenze n’ingene bagenzi babo b’abarundi b’abakiriye naho batashoboye gutsinda urwo rukino .
Jean Pierre akaba yavuze ko bazobandanya bakina inkino za gicuti mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire hagati yabo n’umugwi wa Intare Fc .
Uwo arangoye uwo mugwi wa Solidarity Team yongera kandi akavuga ko yaryohewe cane no kubona igihugu c’Uburundi carahindutse ngo uko yasize si uko yagisanze.
Mwomenya ko Intare Fc ikorera Imyimenyerezo ku kibuga gito kiri mu Kabondo bita ikibuga ca FIFA .



















