IKIRUNDI_news

Umuhinga wenyene niwe yovuga ryari Big Fizzo na Sat-b bazosubira gukorana indirimbo

Yaba Big Fizzo ya Sat-b nta numwe ashaka kwemera ko akeneye uwundi mu bikorwa vy’umuziki, ahubwo buri wese yikwegerako akerekana ko we yiteguye kugira mugenziwe ari nka hamwe abaye amukeneye bokorana ata kibazo na kimwe.

Abahinga mu bijanye n’imikino y’uguhiga (Beating) nibo bonyene bashobora gutora umuririmvyi wa mbere hagati y’abo basitare bacu azotera iya mbere mu gusaba mugenziwe ngo bakorane, kuko ubumva bose nta numwe ashaka guhesha.

Big Fizzo muri Live aheruka gukora kuri Instagram yiwe, yamenyesheje ko intambwe ya mbere ari Sat-b ategerezwa kuyitera, nayo we yiteguye kumwakiriza amaboko yompi.

Muri iyo Live nyene uwo muririmvyi yamenyesheje ko Sat- b ngo yumvise ko yigeze kuvuga ko yoba adakeneye Collabo ya Big Fizzo.

Indirimbo yabo ya nyuma uko ari 2, ikaba ari Wezere ya Sat-b yakozwe haraheze igihe kitari gito, ariko gushika ubu ikaba itarakorerwa n’amasanamu.

Ubu bose uko ari babiri bakaba bafise inzu z’ubuhinyanyuzi zabo, na Management zabo, ariko kandi bakaba banafise indirimbo zabo umwe ikaba ari EP, uwundi ikaba ari urukurikirane ziriko ziragurishwa hirya no hino ku mbuga zisanzwe zigurisha umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037