BurundihomepageIKIRUNDI_news

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe ingingo yo kubahagarika

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ahejeje gufata ingingo y’uko uwurongoye Ishirahamwe OTRACO hamwe n’umunyamabanga arongoye ishirahamwe ryiyemeje gushira ivya «contrôle technique» i Gitega, Ngozi na Bururi kudasubira kwinjira aho basanzwe bakorera.

Iyo ngingo yayifashe inyuma yaho agendeye ikigo ca OTRACO i Gitega kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 29 Ruheshi 2021 agasanga uwo mugambi utarashirwa mu ngiro inyuma y’ikiringo bari bahawe.

Umukuru w’Igihugu akavuga ko ivyo bitorohereza abenegihugu bo bahahombera mu gufata ingendo ndende baja i Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717