BurundihomepageIKIRUNDI_newssociete

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yagendeye abatewe n’umwuzure mu Gatumba

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi asaba abanyagihugu bo muri zone Gatumba komine Mutimbuzi batewe n’amazi gutegura imitima ko bashobora kurondererwa ahandi hantu boshobora kujanwa kuba.

Evaritse Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2021, igihe yari yagendeye abatewe n’imyuzure begeranirijwe muri site ya Sobel iri muri zone Maramvya komine Mutimbuzi.

Umukuru w’igihugu yagiye abashiriye imfashanyo igizwe n’ibifungurwa, ibikoresho vyo mu nzu, amahema n’akabahasha k’udufaranga boza barakoresha mu kugura utundi tuntu twa nkenerwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718