Burundihomepagekirundisecurity

Umuntu umwe yaciye yitaba Imana ubwo nyene uwundi arakomereka

Credit picture : @jimbere

Ku murango wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Gitugutu 2020, i Kaburantwa muri komine Buganda intara ya Cibitoke, habaye isanganya ridasanzwe ryahitanye ubuzima bw’umuntu umwe uwundi arakomereka.

Ama kamyo abiri, imwe yo mw’ihinguriro ry’isima Buceco hamwe n’ibeni zagonganye ziriko zigana inzira imwe ziraheza zihitana umuntu umwe w’umukenyezi yari ku ruhande rw’ibarabara ariko ararengana aca yitaba Imana ubwo nyene.

Umushoferi w’iyo beni nawe akaba yakomeretse bikomeye ubu akaba ariko aravurirwa mu bitaro vyo ngaho i Buganda, gushika ubu ibarabara rikaba ridahita neza, imodoka zikatira kw’ibarabara ry’indwi kugira zironke aho zica.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748