Entertainmenthomepage

Umunya Kayanza ngo ntashobora kugaruka niyashika muri Australia

Naho hataramenyekana ko B Face yamaze kuronswa VISA, koko ngo agiye gukorera igiteramo muri Australie. Icamaze kumenyekana coco nuko ngo kugaruka kw’uwo Munya Kayanza ngaha i Bujumbura, yamaze guhonyoza ikirenge muri co gihugu, n’uwukirose ahakwa gukubita uwumuvyuye amukura muri izo ndoto, ari nk’ukubona DJ Paulin aragwa ya Compte ya Banke ya Taruk Bashir wa Interpetrol.

Igenekerezo rya 2/6, Girukwishaka Boniface benshi Bazi nka B Face ngo azoba ariko ateramisha abazoba bitabiriye Ibirori bizobera muri Mills Park Centre, inyubako iri mu gace kitwa Beckenham Kari mu mugwa mukuru Perth w’intara ya Australie Occidental.
Ayo makuru yazindutse arakwirakwizsa hirya no hino, no ku mbuga ngurukanabumenyi za B Face naho nyene akaba ataretse kubisangiza abafana, aho yabwiye abari muri Australia ko hazoca uwambuye, nako uwambaye.
Mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke ngo ico gikorwa categuwe n’urwaruka ruhurukiye mw’ishirahamwe ry’abarundi Bucowa ( Burundian Community in Western Australia) baba muri iyo ntara kibe, abantu batanguye kwibaza nimba uwo musore wacu afise VISA imujana muri ico gihugu abatari bake banakirose bavyukana akanyamuneza.

Ayo makenga akaba ariko araza kubera nkuko mubizi abaririmvyi batari bake barimwo Double Jay, Alvin Smith, Mow Kanzie na Sat-b, baramaze kumenyesha ko bafise ibiteramo ariko birangira batangiye kubera ikibazo ca VISA.
Abandi bakaba bavuze ko kubona B face atabashije kubishikiriza hakiri kare, ahubwo akabivuga hasigaye imisi iharurwa ku ntoke ngo agende, ngo yoba yari yarindiriye ko ibintu bigenda neza, ngo aronke iyi VISA gutyo ntazohave nawe asigarana isoni nka bagenziwe.
Naho impari ari nyinshi hari igice kitari gito, kikiriko giharira ku kugaruka kw’uwo musore wacu, kuko abatari bake babona ko uwo Musore wacu, B Face adashobora kugaruka n’ubwo vyogenda gute.

Uwo muririmvyi Kandi kuba hamenyekanye ko agiye gukorera ico giteramo muri ico gihugu, abafana batari bake bakaba baciye bemeza ko ariwe mwami wa Hip hop, kuko ngo we atavugisha umunwa, ahubwo ashira mu bikorwa.
B Face ntaco arashikiriza, ariko uravye muri Commentaire y’ama Post yakozwe Kuri iyo nkuru. Nk’iyakozwe na B Face ubwiwe, canke iyakorewe Kwa Edisson Ndayahoze, biraboneka ko abantu batari bake banatanguye kumutuma ngo azobaramukirize abagiye. Hakaba hari n’uwagarukanye muri Commentaire Minouche ngo aze amubahere indamutso.

Abandi muri izo commentaire twabashije kubona, bakaba bamenyesha ko uwo musore wacu BFace yoraba ko asigaranye akanya Gato, ngo abe arategura akarere iyo agiye, kugira arabe ntagaruke.
Imwe muma Commentaire anatwengeje yabonetse Kuri izo Post nuko B face yabwiwe ko agarutse mu gihugu, ngo azibonerako, eka mbere banamwibutsa ko ico gihugu agiye guhonyozamwo ikirenge ngo ni nko mw’ijuru, kuko n’abenegihugu baho ntibasohoka igihugu.

Abemera ko B Face azokora akazi kazoba kamujanye hama agatahuka, bafise akaba n’abo kuko ibiteramo amaze gukora nk’i Dubai, ngo baheruka babwirwa ko hariyo igiteramo, ariko bikarangira ata n’ifoto ibonetse y’ukuntu ibintu vyari vyifashe.
Abo bafana bakaba batanguye kwibaza ko abo baririmvyi bacu bakorera ibiteramo mu bibanza bidashemeye, bigatuma badashobora gushira ahabona amafoto yerekana uko ibintu vyari bimeze.
Naho B Face ataco arashikiriza Kuri iyo nkuru y’ukutagaruka kwiwe, ntaranashikiriza nuko yoba yarahawe iyo VISa, canke n’ubu yoba akiyirondera, kuko muvyo twamaze kubona nuko haheze imisi 5 n’abo muri Australia bamenyesheje ko uwuzobateramisha ari B Face.

Dufatiye ku biheruka gushikirizwa na DJ Paulin ku bijanye n’ukurondera ama VISa, abamutumiye basanzwe bamaze gutegura ibikorwa bitari bike, kuko nkuko twabashije kubibona Kuri Instagram ya BUCOWa Youth, ico gikorwa B Face agiyemwo si irya mbere bagitegura. Ahubwo bashobora kuba ari irya mbere batumiye Umurundi avuye mu gihugu.
Ku bavuga ko B Face naho yoherayo, nkuko twavyumvise Kuri DJ Paulin ariko aronderera Drama T, Double Jay na Vania Ice ama ViSa yo kuja muri Canada, nuko hariho impapuro basigna zemeza ko bazosubira Inyuma, Kandi ngo baramutse batavyubahirije ngo bazoca babaho batagira impapuro kuko uba waravyemeje ko wajanywe n’akazi atari uguhunga.

Kuko bizwi n’abatari bake ko kuronka VISA ya Australia bigoye cane gusumba kuronka igitoro i Bujumbura, canke kurondera VISA ya CANADA, bikaba vyumvikanisha ko amategeko bamuhaye aremereye nk’amabuye, kuko rizoba ribaye irya mbere ahahonyoza ikirenge.
Dufatiye Kuri ya VISA ya Kigingi ya Mbere ya habwa ya Schengen imuha uruhusha rwo kuja gukorera igiteramo mu bubirigi, canke imwe iheruka guhabwa Drama T azokoresha mu biteramo azokora mu mpera z’ino ndwi, mu Fufaransa no mu Bubirigi, na B Face akaba ashobora kuba azoba ahawe VISA y’umwanya urume rumara, kuko azoba yamenyesheje ko agiye gukora igikorwa gishobora kuba ari ic’umusi umwe.
Kandi dufatiye ku busabe biriko biraboneka hirya no hino ku barundi ngo baje gukora ibiteramo, B Face aheze muri Australia akaba ashobora kuzoba asa n’uwiyiciye amahirwe yo gukora Ibiteramo vyinshi cane bizoca bikurikira ku migabane itandukanye y’isi. Ikindi nuko iki abategura ibiteramo muma Community y’abarundi hirya no hino, akenshi barindira ko utera intambwe ya mbere ukabasha gusohoka igihugu ngo ushobore guhabwa ibiteramo, akarorero ni nk’ibi biriko biraba Kuri Kidum mu biteramo ariko arakora I Burayi.
B Face rero ico gikorwa azokwitabira muri Australie akaba atazoba ari igiteramo nka birya abandi nka Kidum, Drama T, Kigingi, Vania Ice na Double Jay bariko barategurira canke bariko barakora, kuko we agiye kuboneka muri Soireée de Gala isanzwe iba buri mwaka.
Nkuko vyabonetse Kuri Site igurisha amatike y’ukwinjira Kuri ico gikorwa kizohuza abarundi baba mu burengero bwa Australie, nuko ico gikorwa kigamije Gutera intege n’ugushimira urwaruka ruba rwakoze neza muri iyo ntara ya Western Australia.
Muri ico gikorwa nyene ngo hakaba hanaboneka abamaze gutera imbere ariko batanguye n’abo bakiri urwaruka, ngo bagire inama abo bakiri bato bakiriko barakora. Ariko Kandi ngo kakaba ari n’akaryo kuko Communaute babamwo co kimwe n’abavyeyi batera intege urwo runganywe rushasha mu bikorwa baba barimwo.

Ivyo twabashije kubona nuko, amatike aha akaryo abantu ko kwinjira muri ico gikorwa, ari mu mice 3, ku $75, $85 n’$95 y’amanya Australie. Ayo akaba yababa 168,300, 190,740, 213,180 mu mafaranga y’amarundi.
Ikindi cabonetse nuko abataguze amatike hakiri kare, amatike y’amafaranga make, nukuvuga $75, angana n’168,300fbu amaze ukwezi yaraheze.
Aha mukamenya Australie izoba ibaye igihugu ca 4 B Face akoreyemwo igiteramo, naho nababwiye ko bizoba bitandukanye n’uko yarasanzwe atumirwa.
Hampande y’Uburundi, B Face akaba amaze gukorera Ibiteramo mu bihugu nk’Uburundi, UEA neza neza I Dubai na Zambia, hakaba hazoba hiyongereyeko Australie.

Niyashikayo, nta wuzi ko azoca adukorera nkivyo ahora akora Ari I Dubai, aho atubwira ko yibereye mu Kamenge ku tunyama, canke mu Buyenzi, canke ngo azoce ahafatira amasanamu y’indirimbo nkuko yabigize ku ndirimbo Sorry. Ariko ikizwi co nuko azohafatira agafoto.
Bishobotse imbere yuko agenda, tukaba tuzoganiriza abo muri Australie, na we nyene ubwiwe ngo tumenye uko bihagaze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722