cultureEntertainmenthomepage

Umurwi ndangakaranga “Amagaba” n’umuririmvyikazi Ester Nish bari mu gihugu ca Ethiopiya

Umurwi ndangakaranga “Amagaba” hamwe n’umuririmvyi Esther Nish bashitse mu gisagara ca Addis Abeba muri Ethiopiya kuri uyu wa 25 gitugutu umwaka wa 2023, aho bitezwe mu birori vy’isabukuru mpuzamakungu « AFRICA CELEBRATES » bitegekanijwe kuva ku wa 25 gushika kuwa 29 gitugutu umwaka wa 2023, mu gisagara ca Addis abeba muri Ethiopiya.

Umugwi ndangakaranga “Amagaba” hamwe n’umuririmvyi Esther Nish bashitse mu gisagara ca Addis Abeba muri Ethiopiya kuri uyu wa 25 gitugutu umwaka wa 2023, aho bitezwe mu birori vy’isabukuru mpuzamakungu « AFRICA CELEBRATES » 2023. Bakiriwe n’uwusanzwe aserukira Uburundi mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Willy Nyamitwe, ari nawe arongoye abazoserukira Uburundi muri iryo sabukuru.

Ivyo birori bitunganywa buri mwaka, mu ntumbero yo kwerekana ubwiza bw’umugabane wa Afrika, imico n’akaranga vy’ abanyafrika no guhayanisha ibihahingurirwa , ibirori bisanzwe bibera ku cicaro c’ubumwe bwa Afrika.

Umugwi ndangakaranga “Amagaba” witabiriye iryo sabukuru mu gihe ari na wo waheruka gutorwa ngo wakire umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA. Umuririmvyi Ester Nish muri zimwe mu ndirimbo afise harimwo « Come and see », yerekana ubwiza butatse Uurundi n’umugabane wa Afrika muri rusangi.

Mu bandi barundi bitabiriye iryo sabukuru, harimwo nk’abari mu mugwi ujejwe kumenyekanisha Uburundi biciye mu gisata c’ingenzi “Visit Burundi” hamwe na Miss Burundi 2023 Ndayizeye Lellie Carelle.

Par Boris Irakoze

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 708