homepage

Umukinyi Youssouf Ndayishimiye aragabisha abakoresha izina ryiwe mu mabi

Abicishije kurubuga rwa Instagram, ahacishwa ubutumwa bumara amasaha 24, uyu mukinyi w’umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba na n’umurwi wo mucicaro ca mbere c’ihiganwa ry’Ubufaransa OGC Nice ahejeje kwihaniza bimwe bikomeye abakoresha izina ry’iwe mukonona no gucafu za umugwi nserukira g’ihugu.

Mubutumwa burebure yatanze biciye mu rurimi rw’icongereza yagize ati :

” Amakuru atariyo n’ibihuha ntakibanza bikwiye muri iyi isi, nimba koko wifuza ukuri nivyiza ,kunyegera ukambaza kubera ko ukuri uko kumeze kose kuzosohoka. Mu gice
cambere c’urukino rwacu na Cameroun nabajije Team Manager Constantin Mutima igisabwa kugira turonke uburenganzira bwo kwitabira inkino za CAN Kubera ko nashaka kubimenya neza, ariko abantu bakwiragije igihuha ko yanyeretse ubutumwa bw’umumenyereza wanje muri OGC NICE ko ntobandanya urukino kubw’ikibazo c’imvune nari nagize muntango z’urukino, Kandi atarivyo barambesheye . kurirya mvune; kuko no murukino rwa Cameroun baransavye ko nosohoka nyimba ntameze neza ndababwira ko ndingaha kugira ndwanire igihugu nababwiye ko nkina urukino mpaka ruheze. ina ryanje mu kwirukana abantu mu mugwi nserukira gihugu ” .

Ndayishimiye Youssouf Nyange yongeye agira ati:

” Aho bacanye agatabi hategerezwa kuba habonetse umuriro, ndakunda igihugu canje nzobandanya ndakirwanira no m’umugwi nserukira gihugu utibagiye akazi kanje kamisi yose m’umugwi wanje. Umupira w’amaguru nibwo buzima bwanje”..

Mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba hamaze imisi havugwa ibitari bike inyuma y’urukino rwahuje Uburundi na Cameroun aho n’ivyegera bibiri vy’umumenyereza mukuru Etienne Ndayiragije aribo Sangwa Patric Na Valery Nahayo batanze imihoho .

Inkuru yanditswe na Boris Irakoze

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673