Umugwi nserukira gihugu wa Africa y’epfo mu rukino rwa Rugby waganutse inyuma yo gutera iteka igihugu na Africa muri Rusangi mu gutahukana igikombe c’isi ca 2023 cariko gikinirwa mu Bufaransa.
Inyuma yurugendo rutorosha kuva muri kimwe ca kane gishira icanyuma mugutsinda igihugu c’ubufarasa ibitsindo 29 kuri 28, warasubiriye kandi utsinda umugwi nserukira gihugu w’ubwongereza ibitsindo 16 kuri 15 muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma gutyo uba uronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma utana mumitwe n’igihugu ca Nouvelle Zellande.
Ni urukino isi yose yari ihanze amaso na cane cane abanyafrica narirya imigwi ikunda kubaserukira idakunda kugera kure mu nkino mpuzamakungu.
The Springboks nkuko biyita, mu buryo butorosha watsinze umugwi nserukira gihugu wa Nouvelle zellande ku wa 28 gitugutu ibitsindo 12 kuri 11 gutyo utahukana igikombe c’isi mu rukino rwa Rugby.
Ibaye incuro ya kane umugwi nserukira gihugu wa Africa y’epfo utahukana ico gikombe inyuma y’ivyo watahukanye mu 1995, 2007 na 2019. Inyuma yo kwakiranwa akanyamuneza n’umunezero udasanzwe bitegekanyijwe ko Abakinyi n’abari mumugwi nserukira gihugu bose bazozungurukana igikombe igihugu cose mu ntumbero yo gusangira umunezero nabene gihugu.
Kuri uyu wa mbere umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Cyrill Ramaphosa mwijambo ryiwe yashikirije yarashimye iteka uwomurwi wateye Igihugu n’a Afrika muri rusangi.
Inkuru yanditswe na Boris Irakoze