Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Gitugutu 2023 ku kibuga gikukira ubushikiranganji bw’inkino département des sports, umurwi Dynamo watsinze Urunani mu rukino rwa nyuma mw’ihiganwa ryitiriwe incungu z’Uburundi mu mupira w’amaboko Basketball.
Urukino rwa nyuma rwihiganwa ryitiriwe incungu rwo kuri uyu w’Imana rwarangiye umurwi wa Dynamo utsinze umurwi Urunani BBC amanota 52 kuri 45, hari ku kibuga gikukira ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo inkino Département des Sports.
Dynamo waciye utahukana igikombe n’ibahasha ry’imiriyoni indwi n’ibihumbi amajana atanu amafaranga y’amarundi, ni mu gihe umurwi wabaye uwa kabiri Urunani waronkejwe ibahasha ry’imiriyoni zitanu mu mafaranga y’amarundi.
Ni ihiganwa ryama ritunganywa n’ishirahamwe Fondation PAX Burundi rifadikanije n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball mu Burundi Febabu. Dynamo ukaba uciye ukwiza ibikombe 4 mu gihe Urunani narwo rufise ibikombe 3.
Par Vincent Nkunzimana



















