Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba uhejeje kunganya n’umugwi nserukira gihugu wa Kenya.
Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 07 Ruheshi 2024 igihe c’isaha icenda (15h00) I lilongwe muri Malawi niho umugwi nserukira gihugu wa Kenya wari wakiriye umugwi nserukira gihugu w’Uburundi bivanye n’ingene Kenya nawo iri mu bihugu bidafise ibibuga vyemewe na FIFA .
Urwo rukino rwo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026 rwarangiye imigwi yose inganije igitsindo 1-1.K
Kenya niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 72 w’urukino biciye kuri Duke , mugihe igitsindo co kugombora c’Uburundi cinjijwe ku munota wa 85 w’urukino biciye kuri Sudi Abdallah .
Uburundi buzosubira kwakirwa na Seychelles mu gihugu ca Maroc kuri uyu wa kabiri Igenekerezo rya 11 Ruheshi 2024 bivanye n’ingene Seychelles nayo nyene atakibuga gikwije ivyangombwa vya FIFA ifise .
Mwomenyako Uburundi bwaciye bufata ikibanza ca 4 n’amanota 4 inyuma ya Côté d’Ivoir ifata ikibanza ca mbere na Gabo na Kenya bifata ibibanza bikurikira .