homepagePolitique

Umuryango w’umwami Ntare V urasaba umuco k’urupfu rwiwe

Mu birori vyo kwibuka Ku ncuro ya 30,umwami Ntareka V Charles Ndizeye agandaguwe vyabereye K’umurwa mukuru wa politike Gitega.Umuryango n’ubu ukabona ko hari hakwiye ko ukuri kuja ahabona kuri urwo rupfu rwahitanye umwami wa nyuma w’Uburundi .

Ibirori vyo kwibuka uwo mwami vyatangujwe n’inkuka ya misa yabereye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza kuri paruwasi yitiriwe umwungere Mwiza yo mw’Ishatanya mu Ntara ya Gitega.

Ibirori vyo kwibuka umwami wa nyuma w’Uburundi yagandaguwe Ku wa 29 Ndamukiza biraheza bibandanirize ahasanzwe hari intatemwa zitatu mukuzishirako amashurwi kuko gushika ubu atawuzi aho yahambwe.

Izo ntatemwa zashizweko amashurwe ni iyu mugabekazi Barampama Thérèse na Kanyonga Nyina w’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore,
hamwe namushiki wa Rwangasore Regine Kanyange.

Umuganwa Eloi Bénoit Baranyanka yaserukiye umuryango yasavye Reta y’Uburundi gutanga umuco kuri urwo rupfu hamwe n’ukwerekana ahahambwe uwo Mwami wa nyuma w’Uburundi kugira ahambanwe iteka rimukwiriye atibagiye n’uko bosubiza umuryango ibisigi vyumuhisi yanyazwe.

Mu nkuka ya misa, umusaseredoti yasomye imisa, mu nyigisho yiwe yasavye ko uno musi Reta yowufata nk’umusi udasazwe wabahitwanye n’urwimo rwo 1972.

Ahasanzwe hari intatemwa zashizweko ingori z’amashurwe ni hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu c’i Gitega ari naho Ntare V yanapfungiwe ukwezi Inyuma yo kuhakurwa akaja kugandagurwa nk’uko vyemezwa n’abari muri ivyo birori vyo kumwibuka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671