homepagesecurity

Ngagara:Ivyuma 2 bitanga umuyagankuba wa Regideso vyarononywe n’ibisasu

Ibisasu 2 biturika vyaratewe mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane muri karitiye y’icenda muri zone ya Ngagara muri komine Ntahangwa mu Buraruko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura,ahasanzwe hari ivyuma vy’umuyagankuba wa Regideso (transformateurs) . Abanyagihugu baba ahabereye ivyo bakaba baciye baja mu kizime bagasaba ko ivyuma vya Regideso vyokingirwa hanyuma abakoze ivyo bagafatwa hanyuma bagashengezwa.Abajejwe intwaro bemeza ko hari umuntu umwe yamaze guhagarikwa kumvo z’amatohoza.

Amakuru atangwa n’abanyagihugu bari hafi yahari ivyo vyuma vya Regideso vyononywe n’ibisasu 2 biturika , ivyo bisasu vyatewe ahari ivyo vyuma nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro; kimwe kiri hafi ya kaminuza yitiriwe ibiyaga binini UGL,ikindi kikaba hafi y’icicaro c’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano.Abo banyagihugu bemeza ko batamenye ubwoko bw’ivyo bisasu cokimwe n’abantu boba barabiteye.

Kuva ivyo bibaye ico gice kikaba caciye kija mu mwijima ,bamwe mu banyagihugu bafise impungenge ko ku mvo y’ibura ry’umuyagankuba ibikorwa bishobora guhungabana nayo umutekano ukabandanya uhungabana

Abo baba aho muri karitiye ya 9 bamenyesha ko hononekaye ibitari bike nk’amazu hamwe na bimwe mu bidandazwa,eka na zimwe mu ntsinga z’ishirahamwe REGIDESO zarononekaye muri ico gitero cakozwe kuri ivyo vyuma.

Abo banyagihugu bagasaba ababijejwe kwihutira kubaronsa umuyagankuba kugira babandanye biyungunganya, barongera bakabona kandi ko mu gihe boronswa umuyagankuba, ubugizi bwa nabi bwogabanuka.

Mu ntwaro ku rwego rwo hasi babona k’ubutungane bwokora akazi kabwo kugira hahanwe abakoze ico caha. Umuvugizi w’igipolisi c’uburundi Désiré Nduwimana akaba amenyesha ko hatanguye amatohoza kugira hamenyekane imvo y’ubwo bugizi bwa nabi bwibonekeza kuri mwene ivyo vyuma.

Nta ndwi yariheze muri zone musaga komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura icuma gitanga umuyagankuba carononekaye mu buryo busa n’ubwo,ivyatumye abahaba hahera ikiringo kirenga indwi  ata muyagankuba bafise.

Inkuru Yanditswe na Dieudonné Niyoyanzigamiye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669