Entertainmenthomepage

Umusore yatereye inda abagore 6 Ku myaka 25

Muri Zambia, abakobwa 5 n’umugore umwe batewe inda n’umusore w’imyaka 25 y’amavuko. Bamwe bati yadukorakora ku bisusu turi mu rusengero, uwundi ngo n’abo barabishaka ivyo nabakoreye, none umwe yamushikanye imbere y’ubutungane.

Ibara riheruka kugwa muri Zambia, muri rumwe mu nsengero zihakorera. Umusore w’imyaka 25 y’amavuko azwi kw’izina rya Pastor Sesa, asanzwe aba mu gace kitwa Kitwe, yateye inda abakobwa 5 n’umugore yubatse basanzwe bakorana igikorwa co kuririmba muri urwo rusengero.
Inyuma y’urwo rukurukuru rwavuzwe, abo bagore 6 bose bakaba baciye barya umutima amenya begera umukozi w’Imana wo muri urwo rusengero ngo bavuge uko ibintu bihagaze.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Zed Gossip co muri Zambia avuga ko abo bagore babwiye uwo mukozi w’Imana ko uwo Mugabo yarasanzwe avuza Piano muri urwo rusengero, ngo yirengagiza ko bari mu rusengero noneho akabakorakora ku gisusu.
Uwo musore nawe ntiyaheranywe, kuko yavuze ko we ico yakoze kutari ukubakorakora ku bisusu, ahubwo ngo y’aba ariko arabegezayo, kuko ngo baba bicaye Kuri Piano y’aba ariko aravuza.
Nayo ku kijanye n’ukuryamana n’abo, uwo musore yavuze ko n’abo bagore bashaka ivyo yabakoreye.
Uwo musore w’imyaka 25 akaba yahavuye ahagarikwa muri ico gikorwa co kuvuza Piano muri urwo ruse gérontologie, nayo umugabo w’uwo mugore yateye inda akaba yaciye amutwara imbere y’ubutungane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722