IKIRUNDI_news

Umusubirizi wa Kaboss for real muri Siren Vibe yabonetse

Uwugiye gusubirira Kaboss For real muri Siren Vibe yamaze kuboneka, uwo akaba ari Davina nkuko vyabishikirijwe mu kiganiro yagiranye na Hosy Irakoze bamushira ahabona.

Muri ico kiganiro, Hosy yavuze ko yari yaronse benshi basaba akazi, ariko yahisemwo uwo mwigeme asanzwe ari umuvyeyi w’umwana umwe bavyaranye na Alvin Smith. Hosy muri ico kiganiro nyene yamusabiye abafana ba Siren kuzomukunda nkuko babikoze kuri Kaboss.

Uwo mwigeme yanakoze ku yandi ma Tv online avuga ko afise vyinshi aje kwungukira muri Siren, naho anafise ivyo azoterera mw’iterambere ryayo.

Mwokwibuka ko Kaboss bari bamaranye umwaka wose, yaronse ikibanza muri Jimbere Magazine, aho yagiye naho nyene gukorera ku rubuga rwa YouTube rw’ico kinyamakuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036