Inkino

Umuvugizi wa Rayon Sports yakeje Arsene Bucuti yizewe kandi na Vitalo FC

Abatari bake mu bakunzi b’umupira w’amaguru,n’abaririmvyi bakeje Arsene Bucuti. Inyuma y’umuririnvyi Sat_B hakurikiye umuvugizi wa Rayon Sport Nkurunziza Jean Paul.


 

Mu ntumbero yo gukomeza umurwi Vitalo FC wagarukanye igisata co gutanga amakuru no kuwumenyekanisha nkuko twabibonye mw’ikete rigena umumenyeshamakuru wa Buja fm Arsène Bucuti agarutse muri ico kibanza .

Si irya mbere Bucuti yizewe na Vitalo FC kuko yigeze kuyikorera hagati ya 2015 na 2018 akaba yarawuherekeje mu nkino zabereye muri Lesotho na RDC .

Ku bwiwe ngo ni akanyamuneza kuri we kubona uwo murwi wasubiye kumwizera akamenyesha ko azokorana ubwira n’ubukerebutsi kugira uwo murwi uhayanishirize wongere umunyekanishe amashirahamwe .

Mwomenya ko Arsène Bucuti yigeze gukora ako kazi hagati ya 2012 na 2015 muri Lydia ludic Sports 4 Africa, akaba asanzwe ariwe ajejwe igisata co kumenyekanisha urukino rw’umupira wo ku musenyi Soccer beach .

Asanzwe akora akazi ko guteramisha abafana muri football,Basket ,volley,handball ,Rallye ngo kubwiwe bizomworohera kubana n’abafana kuko aribo ba boss biwe .

Aganira na Buja fm Bucuti yemeje ko bitazomugora kubera ko ako kazi agafisemwo uburambe ngo narirya azi gukorana neza n’amashirahamwe hamwe n’abamenyeshamakuru.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037