homepageIKIRUNDI_news

Umwamikazi w’ubwongereza yafashwe n’umugera wa Corona

Kuri uyu wa mungu, hamenyekanye ko Umwamikazi w’ubwami bw’ubwongereza, Elisabeth II yafashwe na Covid-19 nkuko vyashikirijwe na Buckingham Palace. 

Umwamikazi akaba atowe ico kiza inyuma yaho umuhungu Prince Charles nawe yari yafashwe n’uwo mugera kuri uyu wa 10/2 kandi akaba yaragize imisi ahuye n’umuvyeyi wiwe.

Hampande y’umwamikazi n’abakozi batari bake bakorera ku kirimba c’Umwamikazi bakaba batowe uwo mugera.

Umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza akaba yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter yipfuriza umwamikazi gukira agasubira mu bikorwa vyiwe vya misi yose.

Umu Correspondant wa BBC mu bijanye n’ubuvuzi akaba yavuze ko yizera ko umwamikazi bazomwereka imiti mishasha iheruka kwemerwa kuko ngo yomufasha cane gukira gusumba, kuko iyari isanzwe ihari yakoreshwa mu misi itanu inyuma y’ugufatwa n’uwo mugera.

Mwomenya ko Umwamikazi w’ubwongereza yafashe urukingo rwiwe rwa Mbere mu kwezi kwa mbere, nayo Prince Charles akaba ari irya 2 afashwe n’uwo mugera, ariko nawe akaba yafatiye urukingo rimwe n’umuvyeyi wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686