homepage

Umwe mu bakozi ba Isabel Dos Santos bamusanze yapfuye

Umwe mu bakozi baheruka kuvurwa mu rubanza rw’ubusuma mu gihugu ca Angola, bwagirizwa Isabelle dos Santos, baheruka kumusanga yapfiriye muri imwe mu nzu ziwe muri Lisbonne.

Nuno Ribeiro akaba asandavye inyuma yaho ubutungane bwo muri Angola buvuze ko ari mu bagirizwa gufashanya na Isabel. Uwo kandi akaba ariwr yarajejwe compte y’ishirahamwe ry’igitoro Societe Petrolière sanogos yahoze itwarwa n’uwo mugore.

Uwo mugabo akaba yasandavye ku musi wa 3, nkuko vyashikirijwe n’igipolisi, ariko bakaba bamubonye ku musi wa 4. Amatohoza y’ibanze akaba yerekana ko uwo mugabo yiyahuye, nkuko bibandanya bishikirizwa n’ico gipolisi nyene.

Ivyo kandi bikaba bishitse mu gihe inabuja Isabel Dos Santos yahakanye ivyo bamwagirizwa vyose, kandi bikaba bishitse mu gihe Eurobic Bank, ibanke yo muri Espagne yamenyesheje ko yahagaritse ugukorana n’uwo mugore, bikanavurwa ko ariko agurisha umutahe yarafise muri iyo bank. Akaba ariwe yarafise umutahe munini muriyo.

Mukibuka ko Isabel Dos Santos ariko yagirizwa ubunyonyezi(detournement des Fonds), akoresheje amashirahamwe atandukanye yarasanzwe afisemwo imitahe mu gihe se yarakiri umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686